Site icon Rugali – Amakuru

Burundi: Abarundi niba batifuza intambara i Bujumbura bagomba kujya kurwanira na RED-Tabara aho ituruka muri Congo no mu Rwanda

Burundi: Muri Bujumbura hatewe ama grenades kuri uyu wa mbere ku mugoroba. I Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi, kuri uyu wa mbere ku mugoroba hatewe ama grenades ataramenyekana igitigiri ashobora kuba yakomerekeje abantu benshi. Ababibonye bavuga ko hatewe nibura zitatu ku gituro c’amamodokari yunguruza abantu ahahora isoko nkuru ya Bujumbura, ku ruhande rw’ayaja ku Mutakura na Kamenye mu buraruko bw’igisagara.

No kw’isoho ya Jabe muri zone ya Bwiza naho haravuga grenade yahatewe aho ishobora kuba yakomerekeje benshi. Nta muntu canke umurwi uriyitirira ibi bitero. Mu kwezi kwa gatanu hari habaye ibitero nk’ivyo nyene mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura nyene. Reta y’Uburundi yavuze ko ari ibitero vy’iterabwoba.

Navyo nyene nta murwi canke umuntu yigeze avyiyitirira n’ubwo uburyo bikorwa bisa n’uko biba bifise uwubihuza. Umwe mu bo grenades zaturitse ageze hafi y’ama bisi avuga ati “Hari hafi nk’isaha imwe y’ijoro”. Ababibonye bavuga ko abantu baciye bashwiragira irya n’ino mu mpande zose z’igisagara.

Mu majwi bahanahanye ku buhinga bwa none – ariko BBC itashoboye guhinyuza – hari abumvikana bari ahazwi nka Plazza batabariza abakomeretse ngo harungikirwe ambulance zo kubajana kwa muganga. Ikinyamakuru kimwe co mu Burundi kivuga ko hari na babiri bashobora kuba bapfuye.

Bibaye mu gihe mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uwa mungu harumvikanye ibisasu mu micungararo y’ikibuga mpuzamakungu c’indege ca Bujumbura. Umuhari Red Tabara w’abitwaje ibiganiro waremanze ko ariwo wateye ivyo bisasu. Ariko imirimo yagumye irangurwa kuri ico kibuga harimwo no kwakira indege mpuzamakungu.

Source: BBC Gahuza

Exit mobile version