Ishirahamwe AVOD rihuriyemwo impfuvyi n’abapfakazi b’abategetsi bagiye baragandagurwa mu ndyane zagiye ziba mu Burundi basaba ko haba itegeko ribaha uburenganzira bwo kubandanya bafatwa mu mugongo na reta.
Bavuga ibi mu gihe kuri uyu wa 06 Uburundi bwibuka imyaka 27 irangiye umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira apfiriye mw’isanganya ry’indege ryabereye i Kigali mu Rwanda.
Adele Ahishakiye arongoye iryo shirahamwe avuga ko imiryango y’abasigwa ibayeho mu buzima atari bwiza, kandi mbere ko usanga n’ubutegetsi butabitaho.
Indege yari ireruye perezida w’u Rwanda ico gihe, Juvenal Habyarimana ari kumwe na Perezida Cyprien Ntaryamira w’Uburundi, n’abashikiranganji babiri, Ciza Bernard na Cyriaque Simbizi, yararashwe iri hejuru ya Kigali ku wa 06 z’ukwa kane 1994 abari muri yo bose nta warokotse.
Riti: “Ishirahamwe AVOD rirababazwa n’ukubona imyaka 27 iheze inyuma y’ico cago Abarundi bose muri rusangi, na cane cane imiryango y’ababuze, batararonka umuco ku vyabaye”. Gushika ubu, hari impari hagati ya reta y’u Rwanda n’Ubufaransa, aho uruhande rumwe rumwe rugenda rwagiriza urundi ko ari rwo rwakoroye iyo ndege.
Ukuri kuzomenyekana
Umupfasoni Ahishakiye yabwiye BBC ko afise icizere ko impera n’iperuka hazoteba hakaba ubutegetsi buzofata ibintu mu minwe maze ukuri kukamenyekana. Umupfasoni Ahishakiye avuga ko imiryango isigwa n’abo bari kumwe na Perezida Cyprien Ntaryamira, ari bo Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi isa n’iyibagiwe.
Ati : « Benshi usanga bifumbereje umengo ntibakibaho. Nivyo ko intatemwa zabo ziri kumwe n’iz’abandi, ariko imiryango yabo ntifashwe nk’uko yategerezwa gufatwa”.
Hagati aho, arashima ingene abategetsi bagerageza kubaba hafi “turavye ibihe igihugu caciyemwo”, ariko ko hari hakenewe ikintu canditse kibaha uburenganzira kanaka nk’abasigwa b’abakoreye igihugu.
Ati: “Urashobora kwumva ko umengo ufashwe mu mugongo, mugabo mu gihe ata tegeko rigenga iyi mfashanyo, umengo n’utwo baguha bariko batugufashisha kugira ngo utekereze”. “Dushaka ko haba itegeko ryanditse ryerekana ingene abo basigwa bazofatwa kugira ngo n’aho ubutegetsi bwohinduka itegeko ribandanye rikora ntibibe ivyo gutangura gushasha”.
Source: BBC