Umuryango w’aba Bacchara mu Buhindi utegeka abakobwa kuja mu bumalaya, akenshi na kenshi bakiri abana bato. N’aho amategeko atavyemera, abantu bo muri uwo muryango babeshejweho n’uwo “mugenzo” w’ukugurisha umubiri umaze imyaka ibinjana kugira ngo bashobore kubaho.
Imiryango myinshi ishima kwironkera abahungu hako bavyara abakobwa. Ariko igihe Heena avuka, abavyeyi biwe baragize umunsi mukuru kuko babona ko baronse umutahe.
Kuva imyaka ibinjana, abagize uwo muryango bategeka umukobwa w’imfura kwinjira mu bumalaya amaze gukwiza imyaka hagati ya 10 na 12.
Uwo mugenzo wagiye uhanahanwa uko imyaka yagenda gushika aho ufatwa “nk’umuco wemewe”, aho abagabo babeshejweho n’ivyo abo bana b’akobwa babazanira.
Hamwe hamwe, se canke musaza w’umuhungu nibo bamukoresha nk’urudandaza.
Eka n’ibijanye n’ukurongora muri uwo muryango w’aba Bacchara bikorwa mu buryo butandukanye.
Umuryango w’umukobwa usaba inkwano irenze urugero.
“Ubona noshobora kuvyanka ?”
Heena yateguwe kwinjira muri ubwo buzima kuva akivuka, akaba yagiye gutangura ataranakwiza imyaka.
Yabwiye BBC ati: “Igihe bantegeka kubikora nari mfise imyaka 15 yonyene. Vyabaye ngombwa ko mpeba ishure kugira ngo nkurikire iyo nzira naciriwe na mama na nyokuru avyara mama”.
Buri munsi, yama yakira abakiriya barimwo abatunzi hamwe n’abashoferi b’amakamyo.
“Maze gushikana imyaka 18, niho nabonye ingene bibabaza kandi bintera umujinya. Ariko, nta kundi nari kugira”.
“Umuryango wanje ntako washobora kubaho ntagiye guca amahera muri ubwo buryo”.
Mu Buhindi, aba Bacchara ni abantu bakenye cane kandi muri rusangi babeshejweho n’abagore kugira ngo bashobore kwisununura.
Nk’uko bivugwa na Akash Chouhan, arongoye ishirahamwe rimwe ryo muri ako karere, “hafi ica gatatu c’abakobwa bakora ubumalaya ni abatarakwiza imyaka”.
Aba Bacchara, basanzwe baba mu burere butatu bw’intara yo hagati ya Madhya Pradesh.
Baba cane cane mu mitumba ruguru canke ukabasanga hafi y’amabarabara aho abashoferi b’amakamyo bashobora kubabona.
Ingene bakora
Abakobwa bakiri bato, bita khilawadis muri ako karere, bicara ku dutanda dukozwe mu migozi, bari hamwe mu murwi canke ari bonyene, mu kurindira abakiriya.
Haba hari udu kiosk bakiriramwo abakiriya babo.
Akenshi ababadandaza baba ari abo mu miryango yabo, nibo bavugana n’abakiriya.
Barumvikana igiciro, akenshi ugasanga buri mukiriya ategerezwa kuriha hagati y’amadolari 1.45 na 2.80.
Ababa muri ako karere bavuga ko umwana akiri isugi agurishwa amahera menshi cane, akenshi ashika ku madolari 72.
Heena ati: “Ku mutaga naronka abagabo bane canke batanu. Ijoro rigeze twaja mw’ihoteri canke ahandi hantu ariko hafi y’aho.
“Vyari vyoroshe kwandura ibirwara”.
Ivyo vyaranavuzwe n’ikinyamakuru The Hindu co mu Buhindi mu mwaka wa 2000.
Ico kinyamakuru cavuze ko ku bantu 5.500 bo muri uwo muryango bafashwe amaraso, hafi ibice 15% bari baranduye umugera wa SIDA.
Abenshi muri abo bakhilawadis baruhira gutwara inda z’ishushu.
Haciye imyaka mike, Heena yavyaye umwana w’umukobwa, bimutuma ategerezwa gukora cane gusumba kugira abesheho umwana wiwe.
Heena ati: “Abakobwa benshi barasama inda kandi bategerezwa kubandanya ako kazi”.
“Bacishwa ku biti ku mabuye kugira ngo baronke menshi maze bashobore kurera abana”.
Kwitwa uwudandaza umubiri/imaraya, bivuga ko utemerewe kurongorwa n’umugabo wo muri uwo muryango nyene.
Heena yashoboye kwigobotora uwo mugenzo abifashijwemwo n’ishirahamwe ridaharanira inyugu.
“Burya uwushobora gutahura uru rugamba ni umukobwa wenyene akorerwa iryo bara. Ndazi ico ari co kandi nico gituma ngomba gufasha kugira ngo bihagarare”.
Itegeko rivuga iki?
Mu gihugu c’Ubuhindi abahungu nibo bahabwa agaciro, ibituma aribo benshi gusumba muri ico gihugu.
Ariko hano hoho ibintu bimeze ukundi.
Uwo muryango urimwo abantu bangana 33 000, ibice 65% bakaba ari abagore nk’uko bivugwa na Akash Chouhan.
Kimwe mu bituma ico gitigiri c’abagore kiba kinini ni abakobwa bakiri bato batwarwa kugurishwa muri ubwo burere.
Manoj Kumar Singh, umukuru w’igipolisi, yabwiye BBC ati: “Twarokoye abana bakiri bato bashika 50 muri ubwo burere muri ano mezi aheze.
“Iyumvire, twaranatoye umwana w’imyaka ibiri yari atwawe”.
Manoj avuga ko yama agendera ako karere, ariko akavuga ko uwo mugenzo udashobora guhera mu gihe abantu bo nyene ubwabo batabonye ko ari mubi.
Intara ya Madhya Pradesh isanzwe ibamwo uwo muryango iherutse gushinga itegeko ryo guhanisha igihano c’urupfu ku muntu wese azofata ku nguvu umwana ari munsi y’imyaka 12.
Eka yarongereje n’ibihano vy’umunyororo ku bantu bakuze bazosambanya umuntu atarakwiza imyaka 18.
Ariko izo ngingo zose nta na kimwe zafashije.
Icokorwa
Mu 1993, haratangujwe umugambi w’ukurwanya umugenzo w’ukugurisha imibiri mu ba Bacchara.
Ariko nturashobora gushirwa mu ngiro bikwiye.
Rajendra Mahajan asanzwe akora mu gisata co gukingira abagore n’abana avuga ati: “Uko umwaka utashe twama duhamagarira amashirahamwe kudufasha gushira mu ngiro uwo mugambi, ariko gushika ubu nta na rimwe rirashobora gukwiza ibisabwa”.
Uwo mugambi wa Jabali woba ufise intumbero yo guhugura abo bagore mu kubigisha, kubafasha mu vy’amagara y’abantu be no kubahimiriza.
Ariko, n’aho leta yodufasha, usanga impinduka atari ikirenga.
Hagati aho, hariho abashobora kwitandukanya n’uwo mugenzo mu kurondera akazi ahandi canke bakibandaniriza amashure.
Hariho n’amashirahamwe agerageza kubafasha.
Ubu Heena ari muri rimwe muri ayo mashirahamwe, iryamufashije rikamukura muri ayo magorwa mu 2016.
Avuga ati: “Mbandanya nigisha abandi bakobwa ko bashobora guhabwa imfanshanyo bakava muri uwo mwuga. Nzokora ibishoboka vyose”.
Iryo shirahamwe ryarashinze ikigo co kwigisha ku buntu abakobwa bakiri bato.
Heena ati: “Biba ngombwa ko abo bakobwa babandanya uwo mwuga kubera badafise ubundi buryo bwo kwibeshaho”.
“Ikintu conyene gishobora kubafasha ni uko baja kwiga”.
Source: BBC