Abajejwe intwaro mu Burundi bahagaritse ibitangazamakuru mpuzamakungu bibiri, ico mu Bwongereza BBC n’ico muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Voice of America, ikirongo c’amezi atandatu.
Urwego rujejwe kugenzura ibikorwa vy’ibitangazamakuru kivuga ko BBC yarenze ku mategeko agenga inyifato mw’itangazamakuru ry’umwuga.
Urwo rwego rwagiriza BBC kuba itarahase ibibaze nk’uko bikwiye, uwuharanira agateka ka muntu yahawe ikiganiro n’igisata ca BBC c’ururimi rw’igifaransa.
Amwe mu maradiyo yigenga yarasambuwe aranugarwa mu rwimo rwa politike rwo mu 2015.
- BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda
- Rwanda: Leta yagiriwe inama yo kurega BBC
- Burundi: Prezida Nkurunziza yasinye itegeko rigenga itangazamakuru
Hitezwe amatora ya kamarampaka muri kuno kwezi ku kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha.
Iryo bwirizwa ritowe uko riri, birashoboka ko Prezida Nkurunza yoguma ku butegetsi iyindi myaka cumi n’ine, mu gihe ubu ari mu kiringo ciwe ca gatatu, leta ivuga ko ari ica kabiri ifatiye k’uko ica mbere atatowe n’abanyagihugu ubwabo.