Site icon Rugali – Amakuru

BBC Imvo n’Imvano na Israël Mbonyi, umuririmbyi wa ‘Gospel’ wo mu Rwanda

Ndabahaye mwiriwe mwese abateze amatwi Imvo n’Imvano yo kuri uno wa gatandatu. Uno munsi muri studio zacu twakiriye umuririmvyi w’Umunyarwanda, Israël Mbonyi, aririmba indirimbo z’Imana, canke Gospel Music. Muti rero kuki mwahisemwo kutubwira ivy’uwo muririmvyi uno munsi?

Israël Mbonyi ari mu baririmvyi bariko baramenyekana cane mu karere eka mbere no kw’isi, akaba amaze kuremesha ibiteramo mu Bwongereza, muri Canada, mu Bubirigi, mu Buholandi, muri Finland, mu Buhindi, muri Kenya, Uganda, Mozambique, Afrika y’epfo… Aho noba nibagiye ngirango araza kuhatubwira.

Kiretse rero kutwiganira ku buzima bwiwe hamwe n’ingene yatanguye mu muziki, Israel yaje anitwaje igitari ciwe, akaba aza kuducishiriza mu gahogo aturirimbire live ngaha muri studio. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mukagishikirizwa na Robert Patrick Misigaro.

Exit mobile version