Site icon Rugali – Amakuru

BBC Gahuza iti: Abantu benshi bitabiriye imihango ya gushyingura Kizito Mihigo

BBC Gahuza iti: Abantu benshi bitabiriye imihango ya gushyingura Kizito Mihigo

Umuhanzi rurangiranwa w’umunyarwanda, Kizito Mihigo aherutse gupfira muri gasho, uno munsi niho yashingurwa mu marimbi ya Rusororo ku mugwa mukuru, Kigali. Abantu batari bake bagiye kumuherekeza mu misa yebereye kuri paruwasi ya Ndera.

Abanyapolitiki batavuga rumwe na leta barimwo Diane Rwigara, Victoire Ingabire na Bernard Ntaganda, bari mu bantu bagiye gusezera kuri Kizito, ariko nta ntumwa ya leta yahagaragaye.

Kizito Mihigo yapfuye haheze iminsi itatu afatiwe ku mupaka w’u Burundi n’u Rwanda.

Ku wa kane w’indwi iheze niho yafatwa n’abanyagihugu ari kumwe n’abagabo babiri, leta ivuga ko bariko bagerageza kujabuka umupaka baja i Burundi, baca bashikirizwa inzego z’umutekano.

Igipolisi camwagirije ko yariko agerageza kwambuka mu buryo bunyuranyije n’amategeko, kandi ko yari agiye kwifatanya n’imitwe irwanya igihugu c’u Rwanda.

Ku wa mbere, igipolisi c’u Rwanda, casohoye itangazo rivuga ko Kizito Mihigo yiyahuye mu masaha icumi n’imwe y’ubucagucagu aho yari apfungiwe muri gasho y’igipolisi ca Remera.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’u Rwanda basanzwe baba hanze y’ico gihugu bo bavuga ko yishwe n’abashinzwe inzego z’umutekano z’u Rwanda.

Hari imiryango mpuzamahanga iharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu irimwo Human Rights Watch yasavye leta y’u Rwanda ko yokwemera hagakorwa iperereza mpuzamahanga ryigenga kugira bamenye ukuri ku cishe Kizito Mihig

Ariko umuvugizi w’urwego rushinzwe ubugenzacyaha – RIB- Marie Michelle Umuhoza, yabwiye BBC ko ata mpamvu yo kutizera iperereza rikozwe n’u Rwanda kuko rubifitiye uburenganzira nk’igihugu cigenga.

Kizito Mihigo yari yabwiwe ko azomererwa nabi

Televiziyo yo mu Bwongereza, Channel 4 , ejo yahitishije ikiganiro ku rupfu rwa Kizito Mihigo, ico kiganiro carimwo ijwi ryiwe avuga ibibazo yagize amaze gusohora indirimbo yise “IGISOBANURO CY’URUPFU” muri 2014. Muri iyo ndirimbo avuga ko abo bose bapfuye mu gihe ca jenoside yo mu 1994 mu Rwanda, bose bakwiye kwibukwa.

Muri iryo jwi, Kizito Mihigo yumvikana avuga ko amaze gusohora iyo indirimbo yatutswe, araterwa ubwoba, aranaronka ubutumwa bwamugabisha ko yashobora kugirirwa nabi.

Kizito avuga ko yatumweko n’uwari umukuru w’ibiro kwa Perezida, akamenyesha ko babonaniye mu biro vy’uwari icegera c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka ico gihe.

“Bompi bambwiye ko umukuru w’igihugu atashimye indirimbo yanje, ko rero nategerezwa kumusaba imbabazi mu rwandiko”.

Avuga ko abo bategetsi bompi bamugabishije ko mu gihe atobikora ashobora kwicwa.

Avuga y’uko n’uwari icegera c’umukuru w’igipolisi mu Rwanda yamugabishije ko mu gihe atokwemera ivyo yagirizwa ibintu bitazomworohera.

Ati: “Icegera c’umukuru w’igipolisi yaraje ku ndaba, ambwira ko ibintu vyari kugenda neza ari nka hamwe nosaba ikigongwe nkemera ivyo banyagiriza mu rubanza, ariko ko nintemera icaha nkabandanya nerekana akarenganyo bankoreye, ko nari gucirirwa umunyororo w’uguherayo ngapfira mw’ibohero”.

Avuga ko igihe asohora urwo ruririmbo rwiwe yategerezwa kugira ingorane na leta ariko y’uko atashobora guheba umugambi wiwe.

Muri 2015, Kizito Mihigo yakatiwe gufungwa imyaka 10 amaze kwemera no kwagirizwa ivyaha birimwo kugerageza kugirira nabi perezida Paul Kagame no guhamagarira abanyagihugu kugarariza ubutegetsi.

Yarekuwe ku mbabazi z’umukuru w’igihugu muri 2018.

BBC Gahuza

Exit mobile version