Site icon Rugali – Amakuru

Bazeye Fils La Forge, umuvugizi wa FDLR, yoherejwe mu Rwanda na Congo

Reta ya Kongo Yarungitse Abategetsi 2 ba FDLR mu Rwanda. Reta muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo yatangaje ejo kuwa mbere ko yarungitse abategetsi babiri b’umuhari FDLR urwanya reta y’u Rwanda mu gihugu c’Urwanda, muco yise amasezerano y’ubutungane yemejwe hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Umuvugizi wa reta ya Kongo Lambert Mende yavuze ko abo bagabo babiri bari barasohorowe imitahe yo kubafata n’ubutegetsi bw’igihugu cabo.

Umwe muri abo bagabo babiri yarungitswe mu Rwanda ni Bazeye Fils La Forge, umuvugizi wa FDLR.

Hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri, abategetsi ba Kongo baremeje amakuru yatangajwe n’abategetsi b’u Rwanda ko bafashe abo bategetsi babiri muri Kongo.

Umuhari FDLR, washinzwe mu mwaka w’2000, kandi kuva ico gihe uracarwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Abategetsi i Kigali bavuga ko abo bategetsi ba FDLR bagize uruhara mw’ihonyabwoko ryo mu 1994 mu Rwanda ryahitanye abantu ibihumbi 800, bagwiriyemwo Abatutsi.

Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Source: VOA

Exit mobile version