Site icon Rugali – Amakuru

Bamwe mu bacitse ku icumi rya jenoside bandikiye Perezida Kagame

Umugwi w’abanyarwanda 28 bacitse kw’icumu rya jenoside yabaye mu Rwanda muri 1994 bandikiye ibaruwa Perezida Paul Kagame bamushikiriza impungenge bafise ku macakubiri bavuga yuko ariko arabibwa mu barokotse jenoside.

Muri iryo kete bagaragazamwo imvugo ikoreshwa na bamwe baba bavuga ko barengera inyungu z’abacitse kw’icumu ariko bakagiriza bamwe muribo ubufatanacaha muri ico caha ndegakamere cabakorewe.

Muri iryo kete ryabo bavuga ngo abakorewe jenoside nabo yahiga babaye barizize jenoside yoba ihinduye isura.

Twashatse kumenya icatumye bandika iryo kete Prudent Nsengiyumva avugana na Philippe Basabose umwe muri abo 28.

Ni umwarimu muri kaminuza ya Memorial muri Canada.

BBC

Exit mobile version