Site icon Rugali – Amakuru

Bahere kuri Kagame wandagaje Musoni mu Igihe.com -> Urwanda rwashizeho itegeko rihana ubugizi bwa nabi kuri Internet

Inama nshingamateka y’Urwanda ku musi wa kane yaratoye itegeko rigenga ubugizi bwa nabi ku mbuga ngurukanabumenyi kugira bakingire inzego za reta n’izo abikorera utwabo. Iryo tegeko ritegereje ko prezida Paul Kagame ariterako igikumu kugira ritangure kuja mu ngiro.

Iryo tegeko rifise intumbero yo gukingira inkuru za reta n’izo abikorera utwabo ibikorwa bibi bikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe n’ibindi bitero, nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji wo guhanahana amakuru n’ubuhinga mu Rwanda.

“Ubu turabona ibitero kuri internet kw’isi yose. Ivyo bitero bihungabanya ubutunzi n’umutekano vy’igihugu,” ni ko Agnes Mukazibera arongoye inama nshingamateka y’Urwanda yavuze inyuma yo gutora iryo tegeko.

Iryo tegeko rizofasha reta kugira amatohoza kuri mwene ubwo bugizi bwa nabi no gushengeza abafise uruhara muri ivyo bitero vyo kuri Internet.

Mu 2016, Urwanda rwaburijemwo ibitero vyo kuri Internet 1000 buri musi imbere y’uko bigira ingaruka mbi ku bo vyari bitumbereye, amakompanyi n’inzego za reta nk’uko bimenyeshwa na banke nkuru y’Urwanda.

Muri uyo mwaka nyene, Urwanda rwarashizeho ubuhinga bwo gukingira imbuga ngurukanabumenyi watwaye amadolari ya Amerika imiliyoni zitatu, mu ntumbero yo gukingira inzego za reta n’izigenga ibitero.

Nk’uko biri mu matohoza yakozwe, Kenya ni co gihugu kigirwako ibitero cane vyo kuri Internet mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ubudandaji muri ico guhigu bukaba bumaze guhomba imiliyoni 146 bivuye kuri ivyo bitero vyo kuri Internet.

Exit mobile version