Site icon Rugali – Amakuru

Baby Musamba ku myaka 26 yose yaranyegeje ukuri ko ata gitsina afise, caba gabo canke gore

Ku myaka 26 yose, Baby John Musamba yaragumije ibanga rikomeye cane atashoboye no kubwira incuti n’abagenzi biwe.

Ni ibanga ryanyegejwe mbere n’abavyeyi biwe eka n’incuti ziwe za hafi, ariko rero amaze kumenya ko mu bisanzwe hari ibitsina bibiri, vyagumye bimutera umutima uhagaze.

Ku rugero kanaka, izina abavyeyi bamuhaye ryarimwo iryo banga ryanyegejwe. Ariko rero nta muntu wo hanze yashobora kwibaza ko izina rifise insiguro kanaka. Ntivyari vyoroshe udaciye kuri nyene ryo.

None ibi vyose vyatanguye gute?

Kuvukira kwa muganga

Baby John Musamba ubu afise imyaka 26, yavukiye mu bitaro vya Amana mu gisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania.

Ariko rero, aho kuba umunezero ku bavyeyi biwe ko baronse ikibondo, bakubiswe n’inkuba. Umwana wabo ntiyari ameze nk’abandi.

Musamba yavutse adafise ibihimba vy’irondoka, caba igitsinagore canke igitsinagabo.

Abavyeyi biwe barataye umutwe barabura n’izina nyaryo bomuha.

Inyuma y’umwanya utari muto biyumvira ingene bobigira, bafashe ingingo yo kumwita Babi.

Mu bisanzwe iyo aba umuhungu bari gushobora kumuha izina rya sekuru wiwe, abaye umukobwa naho bakamuha izina rya inakuru wiwe.

Sinzi rero ingene umumalayika abagendeye, abaha iciyumviro.

Bafashe ingingo yo kumuha izina ryerekana sekuru wa muntu (babu mu giswahili) na inakuru wa muntu (bibi mu giswahili), maze bamwita Babi, incamake y’amajambo babu na bibi.

Haciye igihe rero mu kwandika, kubera bivugwa co kimwe, Musamba aca yandikwa ko yitwa Babi.

Nk’uko Musamba avyivugira, yarashoboye kunyegeza ibi bintu mu kiringo kinini cane, ibanga rikomeye cane yashoboye kunyegeza abagenzi biwe ba hafi cane.

Ati: “Bambwiye ko bampaye iri zina kugira ngo habemwo ‘babu’ na ‘bibi’, kugira ngo haciye igihe, bishitse nkagira igitsina bakanyita Babu mu gihe vyari kuboneka ko ndi umuhungu”.

“Nari kwitwa Kibibi iyo ngira igitsinagore. Ariko rero gushika ubu nta gitsina na kimwe mfise, caba igitsinagore canke igitsinagabo”.

Mu bwana bwiwe yahuye n’ibibazo

Baby Musamba yatanguye kwimenya afise imyaka itanu, maze atangura kubona ko atandukanye n’abandi bana.

Ico gihe, abavyeyi biwe bamuhanura kwemera uko ari. Avuga ko incuti ziwe ba hafi cane zamugumye hafi, maze ziramubikira ibanga.

Avuga ko ingorane nyamukuru yagiye kuzigira ageze mu mashure yisumbuye kuko yize kw’ishure rifise uburaro.

Yakoresheje inguvu zidasanzwe kugira ngo ashobore kunyegeza ibanga ryiwe kuko yifata kandi akaboneka nk’umukobwa.


N’aho aboneka nk’umugore, Musamba avuga ko afise ubukomezi nk’ubwo umugabo

Avuga ko imyaka yose yamaze yiga nta n’umwe yashoboye kumenya ko afise ubwo bumuga ndemanwa.

Igihe avuka, Baby yanditswe ko yari umukobwa, kandi n’inkaratasi zose z’amavuko zimuranga niko zivyerekana.

Amaze kuvuka, abavyeyi biwe bavuga ko bafise abakobwa babiri n’abahungu batatu.

Ariko rero mu muryango, bafata ko bafise umukobwa umwe n’abahungu batatu, hamwe rero na we atashobora kumenyekana igitsina ciwe.

Musamba avuga ko ku mubiri wiwe ata bihimba vy’irondoka afise vyaba ivyo umuhungu canke ivyo umukobwa. Afise gusa agatoboro gato cane kamufasha kwihagarika.

Hagati y’ako gace n’igice c’umwanda mukuru, ni igufa gusa.

Avuga kandi ko ata n’amabere afise, ariko asanzwe aboneka nk’umukobwa.

Baby yakorewe ibipimo incuro nyinshi mu buzima bwiwe: afise imyaka ibiri, afise imyaka itandatu, cumi, hamwe na mirongo ibiri.

Muri ico gihe cose, ibipimo vyerekanye neza ko ata bihimba vy’irondoka afise bishobora kumwerekana ko ari umuhungu canke umukobwa.

Guhishura ibanga

Musamba yarashoboye kunyegeza ubumuga bwiwe gushika igihe atoreye urupapuro rwo kwuzuza ashaka kwitoza mu kibanza c’umushingamateka, biba ngombwa ko yandika ko ata gitsina afise.

Mu kwivuga, Musamba yimenyekanisha nk’umukobwa ariko akavuga ko arambiwe no kunyegeza iryo banga ku bihimba vy’irondoka vyiwe.

Kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kw’indwi, niho yatangaza icese ko atari umugore kandi ko atari n’umugabo.

Ico gikorwa ubwaco kwari ukurondera kwimenyekanisha imbere y’abantu kugira ngo bamutore kuba umukandida mu mugambwe umwe muri Tanzania mu matora ategekanijwe mu kw’icumi uno mwaka.

Ati: “Nafata ko hari hageze ko menyesha isi yose ku bijanye n’ibibazo vyanje, kuko nabayeho imyaka myinshi nanyegeje ubumuga bwanje”.

“Nari nzi neza ibibazo abamugaye bagira, cane cane bijanye n’ukunenwa, nkumva ko nategerezwa gufata iya mbere mu guhimiriza abanyagihugu ku bijanye n’abamugaye ndi umushingamateka.

“Ariko rero ku gihamana kibi, ako karyo ntako nashoboye kuronka”.

Kuva amenye ko mu bisanzwe hari ibitsina bibiri ariko we agasanga nta na kimwe afise, cabaye ikibazo kuri we ijoro n’umurango

Ivyavuye mu matora vyerekana ko yaronse ijwi rimwe rudende mu matora y’ibanze. Amajwi atanu yabaye impfagusa.

Ariko rero yaratangajwe cane n’ingene abantu bakiriye amakuru yiwe.

Avuga ko mu bantu isinzi bari aho, harimwo n’abamenyeshamakuru, abenshi barakoroye amosozi bamaze kwumva ivyo.

Eka n’incuti yiwe y’amagara yitwa Esther yari amaze imyaka myinshi agendana nawe, yarataye umutwe yumvise ibibazo vyiwe.

Musamba ati: “Twaragendanye cane na Esther nk’incuti pfa mpfe, ariko jewe sinari bwigere ndamubwira ibijanye n’ubumuga bwanje”.

“We yari azi ko ndi umukobwa yuzuye, mbere yaranambaza ibijanye n’uwo twoba dukundanye, ariko naramutwara ku ruyeri ku rwenge ntamenye na kimwe”.

“Haraciye igihe tudasubiye kubonana ariko twama tuvugana kuri terefone hafi iminsi yose”.

Naho igihugu cagiye kuronka ayo makuru mu kwezi kw’indwi, hari benshi mu ncuti ziwe za hafi bagiye bamenya ibijanye n’ubuzima bwa Baby John Musamba.

Uyu mwigeme asaba leta ko yoshiraho amategeko aha ikibanza abantu bameze nka we.

Musamba aripfuza ko ibijanye n’ubuzima bw’urukundo vyoguma ari ibanga ryiwe bwite.

Muganga Berno Mwambe avuga ko ibi biba gake cane ku bana b’abakobwa, akavuga ko usanga ari nk’umwe kuri 4500 bavuka

None ibintu nk’ibi biva kuki?

Nk’uko bivugwa na Muganga Berno Mwambe, umuhinga mu bijanye n’irondoka ry’abagore muri Tanzania, iyi ngorane izwi nka Disorder of Sex Development /Anomalies du développement sexuel.

Ni ingorane ituma ibihimba vy’irondoka bidakura.

Avuga ko hari ubundi bwoko bw’indwara yitwa Syndrome de Mayer-Rokitansky-Kuster-Hauser (MRKH), ituma umukobwa abura ibihimba vyose vyo mu bice vy’irondoka.

Uyu muganga avuga ko ibi biba gake cane ku bana b’abakobwa, akavuga ko usanga ari nk’umwe kuri 4,500 bavuka.

Ibi biterwa n’impinduka z’ibinyamubiri bifasha mw’ikura ry’ibihimba vy’umubiri vy’umukobwa.

None birashoboka ko bamukora? Muganga Berno avuga ko bivana n’uburemere bw’ikibazo.

Ku muntu afise ibihimba vyiwe vy’irondoka bitakuze neza, uyu arashobora gukorwa bigafata umurongo.

Ariko ku muntu atagira namba nk’uyu mwigeme Musamba, ni ibintu bigoye cane, ufatiye cane cane ku mico n’imigenzo ya Afrika.

Uyu muganga avuga ko mu bihugu vy’abazungu, bashobora kumukora, bakanamushiramwo igitereko c’uwundi muntu mbere bakanamukorera n’inzira y’irondoka.

Uyu rero aranashobora no gusama imbanyi akanibungenga iyo bamukoze bakanamwongerereza ibinyamubiri (hormones) bituma ashobora kwibaruka.

https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-53848036

Exit mobile version