Arielle Kayabaga ni umwe mu banyepolitike b’ababarundikazi babiri batowe n’ishirahamwe ‘CIBWE’ (Canada International Black Women Event) abandi banye Canada bigirako mu 2019-2020.
Ni umukenyezi wa mbere w’umwirabure yatowe kuja mu burongozi bw’igisagara ca London mu ntara ya Ontario muri Canada.
Ntivyoroshe kuri Arielle Kayabaga kwinjira muri politike nk’umugore akiri muto, abenshi bakabona ko atari bwagere kuja mu bikorwa nk’ivyo.
Ati: “Ni ikintu kigoye guhaguruka nk’umugore ariko ni ibintu bishoboka kuko twese turashoboye”.
Kayabaga ni nde?
Arielle Kayabaga afise imyaka 28 ubu, akaba yavukiye my gisagara ca Bujumbura, neza na neza muri Mutanga Sud, ariko akurira muri Mutanga Nord.
Haciye igihe avuye mu Burundi aja muri Canada n’abavyeyi, akaba yashikiye mu gisagara ca London ari naho akorera ibikorwa vya politike.
Ubuzima ntibwamworoye cane ariko nk’uko bavuga bati ‘akagumye bagumako’ ntiyacitse intege.
Ati : « Navyaye ndi muto, nubaka ndi muto, nahukana ndi muto, ariko vyose ntivyambujije gushika kuvyo nashaka gushikako.
Hano kenshi usanga umwe wese yibako, ariko narashoboye kwiga n’umwana muto, ndaheza, hama ndakura gushika aho ngera aho ngeze uno munsi».
Kayabaga yize amashure kaminuza kw’ishure kaminuza ya Carleton i Ottawa mu bijanye n’ivya politike hamwe n’iterambere rya Afrika (Sciences politiques et Développement africain), akavuga ko yabitumwe n’uko indoto yiwe yari ukuba umunyapolitike.
Mu nyuma yinjiye muri politike
Avuga ko yatanguye ivyo bikorwa afise nk’imyaka 14. « Ico gihe niho natanguye gufasha abandi bitoza, ngaherekeza abandi kuvugisha abantu, kudodora ku miryango, nja gufasha ku munsi w’amatora.
Ivyo vyantumye nkunda politike, ntahura kandi ko ndi mu gihugu aho umuntu ashobora gukora ikintu yipfuza atiyumvira ko hari intambamyi bishobora kumugirira ».
Ngo n’aho yari akiri muto, Kayabaga ntivyabujije ko aja guhiganwa n’abandi bamusumba kuko yabona ko akeneye kwitangira urwaruka n’abakenyezi nka we.
Ati : « Vyari ibintu bidasanzwe, ibintu bigoye kwitoza nk’umugore afise imyaka 27, ngahiganwa n’abagabo indwi ata n’umwe yari munsi y’imyaka 40 ».
Iyindi ngorane Kayabaga yagize nk’umuyepolitike ni uko yari umwirabure, ariko ntivyamumujije kubandanya aharanira amateka yashaka kwandikisha.
Ati : « Ibintu vy’urukoba urumva ko kw’isi yose usanga bihari nk’intambamyi ku bantu baba birabura, ariko sinacitse inkokora kuko nari nzi ico ngiye guterera n’amateka ndiko ndaharanira ».
Kayabaga yatowe nk’ icitegererezo kubera imyaka afise n’ingene yashoboye kuba umugore wa mbere w’umwirabure yatowe mu buringozi bwa London i Ontario.
Ivyo vyateye intege urundi rwaruka rwinshi rwavuye mu bihugu vya Afrika, hamwe n’abandi bagore cane cane bibana, bamubonamwo nk’icirore cabo.
Ati : « Hari abagore benshi baba mu buzima butandukanye bashoboye kwibona muri jewe, bikaba vyarabateye intege kuko bakurikiranye ingene niyamamaza barabona koko ko bitari vyoroshe ».
Kayabaga abwira urwaruka ati : « Hariho ikintu Imana yashize muri umwe umwe wese kandi utegerezwa kukimenya, ukagishira imbere yawe ugafata inzira yawe, uyemere, uyihagararemwo kugira ngo urondere kugishitsa ».
« Nturuhe, kandi nturambirwe, abandi bazogushigikira wewe ubwawe wishigikiye ».
https://www.bbc.com/gahuza/49464739