Site icon Rugali – Amakuru

Amakuru avugwa ku bakinyi Lionel Messi, Luis Suarez, na Alexis Sanchez

Umusatirizi rurangiranwa wa Barcelona Lionel Messi ahejeje gutangaza ko azoguma muri uyu murwi kuko “ata” murwi n’umwe ushoboye kumugura ku kiguzi gisabwa, nawe akaba atipfuza kwitwarira uyu murwi muri sentare.

Uyu mukinyi yari aherutse kumenyesha ko yipfuza kuva muri uyu murwi, ariko amasezerano afitaniye na Barcelona akaba ategeka ko umurwi umukeneye utegerezwa kumugura ku giciro c’imiliyoni 700 z’ama Euro.

Avugana n’ikinyamakuru Goal, Messi yavuze ati: “Naribaza kandi nari nzi neza ko nari mfise uburenganzira bwo kugenda”.

“Igihe cose, umukuru w’umurwi yama ambwira ko ihiganwa rirangiye nari gushobora gufata ingingo yo kuguma mu murwi cane nkagenda”.

“Rero nemeye kuguma muri uno murwi. Ubu rero ngiye kubandanya nkinira uyu murwi kubera umukuru wayo yambwiye ko inzira yonyene ishoboka kugira ngo ngende kwari uko uwunkeneye angura imiliyoni 700, ibi navyo bikaba bidashoboka”.

Messi avuga ko iyindi nzira kwari ukwitura ubutungane, ariko akaba atavyo ashaka.

Ati: “Sinumva ko nashobora kuja kwitwarira Barcelona kubera ni umurwi nkunda, wampaye vyose kuva ndawushitsemwo”.

“Ni umurwi w’ubuzima bwanje, niwo wampaye ubuzima. Ndazi neza ko ntari kwubahuka kwitwarira Barça muri sentare”.

Avuga ko n’umuryango wiwe utavyumva.

Ati: “Igihe mbwiriye umugore n’abana ko nshaka kuva muri uno murwi, ryabaye ibara”.

“Bose baciye barira, abana ntibashaka kuva i Barcelona, kandi ntibanashaka guhindura amashure”.

Inyuma y’iminsi icenda Barcelona yabitswe ibara na Bayern ku bitsindo 8-2 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Uefa Champions League), Messi yatangaje ko yipfuza kuva muri uyu murwi inyuma y’imyaka 20 amazemwo.

Barça yarangije ihiganwa ry’umwaka w’inkino uheze ata gikombe na kimwe ironse, bica biba ngombwa ko yirukana umumenyereza Quique Setien imusubiriza na Ronald Koeman yigeze kumenyereza Everton hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’Ubuholande.

Luis Suarez yemeye gukinira Juventus

Umusatirizi wa wa Barcelona Luis Suarez yemeye kuja gukinira umurwi wa Juventus wo mu Butaliyano, nk’uko bivigwa n’umumenyeshamakuru wa BBC Radio 5 Live, Guillem Balague.

Suarez ashobora kwimukira muri uyo murwi wo mw’ihiganwa Serie A kuri gusa – cane ku giciro kibayabaye – mu gihe yoshobora kwemererwa n’umurwi wiwe wa Barcelona ko ashobora kuvuwamwo akaja kuronderera ahandi.

Amasezerano uyu mukinyi akomoka muri Uruguay afitaniye na Barcelona azorangira mu mwaka uza, ariko mu gihe yoshobora gukina inkino zingana n’ibice 60% mu mwaka w’inkino wa 2020-2021, ashobora kwongerwa uwundi mwaka.

Mu gihe yokwimukira muri Juventus, suarez yokwisanga ariko akinana n’umukeba akomeye cane wa Messi, Cristiano Ronaldo.

Sanchez ati: si nigeze ndyoherwa no gukina muri Manchester United

Alexis Sanchez yahoze akinira Manchester United avuga ko atigeze na rimwe aryoherwa no gukinira uyu murwi kuva awinjiyemwo avuye muri Arsenal.

Sanchez ubu yinjiye burundu mu murwi Inter Milan inyuma y’umwaka yari amaze awukinira nk’intizo avuye muri Man United.

Avuga ko amaze kwimukira muri Manchester United mu masezerano yo kuguzanya abakinyi, aho Arsenal nayo yahawe Henrikh Mkhitaryan mu kwa mbere 2018, yanasavye umufasha wiwe nimba ashobora guhagarika amasezerano yiwe akisubirira i Londres.

Mw’ireresi yacishije ku rubuga rwa Instagram, uyu mukinyi w’imyaka 31 avuga ati: “Rimwe na rimwe, hari ibintu uba utabona neza mpaka ushitseyo”.

“Hari ikintu ntari namenye, kandi nticari ciza”.

“Numva nezerewe cane , kuko nkiri muto narakunda cane uyu murwi, ari naco gituma nahemutse ndawinjiyemwo. Ariko muvy’ukuri, sinari nabwiwe ingene ibintu vyari bimeze muri uyo murwi”.

“Umunsi wa mbere ntashe nabwiye umuryango wanje n’umufasha wanje nti: ‘Nta buryo bwo guhagarika amasezerano nkisubirira muri Arsenal?’, ariko baciye bantwenga”.

Exit mobile version