Site icon Rugali – Amakuru

Allouette Uwihoreye arasubiza Buyoya

Maze kumva ivyo uwahoze aramutswa igihugu cacu Mjr Petero BUYOYA yashikirije kuvyo umutahe wiwe wasohotse ndatangazwa n uko yiregura.

Rero ndazi ko nabo bakurikirana ivyo twandika nk uko natwe dukurikirana ivyo bavuze.

Nyakubahwa BUYOYA nagomba ndagusabe upfe nk ingabo apana nk umu civil, wibuke ko ari Major, naho bavuga ngo ingabo ishaje icika umuzamu, oya nawe muta siwe woba umuzamu wo mu mahanga.

Rero nk ingabo nogusaba ko utotinya ubutungane, kuvuga ko baguhora ubwoko jewe sinogishira imbere kuko nabo mwoba musangiye ubwoko nticobuza ko boguhamagaza mugihe hari ukuri bagushakako.
Jewe rero ku bwanje nogusaba nimba ataco wiyagiriza, wokwitaba ubutungane nk uko nawe wahora uhamagaza abandi, weze werere umuryango hama wagiriwe naho nivyiza ko ubisabira ikigongwe cnk ukabihanirwa kuko kuvuga ko hari haciye ikiringo kirekire ntibisigura ko ibibi cnk ivyiza umuntu aba yarakoze bibora, biragukurikira gushika utabarutse.

Hama mon major kirya wavuze naco ati uhorwa ubwoko, nta vyinshi nokivugako vyose niwe wabiteye kuko wibuke ko iriya Ndongozi ya PALIPEHUTU Remy GAHUTU yasaba ko Abarundi bonywana, hakaba contract social, rero wewe waciye ufatana na NYERERE muramugarika uba wihamagariye ivyo vyago.

Buno Burundi bwacu bwari bukeneye abantu nka bariya, eka n uno musi bukeneye abantu bashira imbere kunywanisha Abarundi bose bafatiye k ubutandukane bwabo.

Ingorane wagize na bandi bashobora kuzogira nuko mwabona ko mwebwe mwera, rero umuntu azoza yerekana ko Abarundi bamenje bose ninawe azoba afise umuti wokubamenjurura.
Nta muhutu Yera mu Burundi
Nta mututsi Yera mu Burundi
Nta n umutwa Yera.

Bose barakoze ivyaha, ningombwa ko boja hamwe bagasabana imbabazi, abapfuye tukabagandukako turi hamwe twese.

Rero major itaba sentare ku Intare ntitinya intahe.

Exit mobile version