Amakuru y’izewe avuye i Bujumbura avugako Ishirahamwe OXFAM NOVID rikorera Bujumbura i Kiriri hafi y’inzu bita kwa Kinigi, iriko ikora rapport mbi cane yogucafuza igihugu c’Uburundi. Amakuru atugeraho avuga yuko enquête y’amabyabga yakozwe mugihugu cose ibeshyako IMBONERAKURE ziriko zica abanyagihugu.
Abanyagihugu ba bwiye abantu batandukanye yuko iryo shirahamwe ryagiye hagati mugihugu ryihereranya abenegihugu bamwe bamwe, bahawe amahera menshi, baraheza batanga ubuhama bu rtyoza leta y’Uburundi n’Imbonerakure. Uburero bafise audios amajana ane. Oxfam Novid yatanze akazi kuba traducteurs umunani umwe wese bamuha audios 50, bakamuhemba ibihumbi mirongo itanu y’amarundi 50 milles Fbu abo ba traducteurs bakoze kuva kuwambere gushika kuwagatatu.
Hari umu consultant w’Umurundi tudashatse kuvuga izina ryiwe niwe akora muri UN niwe yakora supervision yico gikorwa ki gayitse. Uwomuntu rero ngo asanzwe yigisha muri za kaminuza.
Abakoze igikorwa ca traduction imashini laptop ntibari barekuriwe kuzitahana. Kandi carazira kwinjirana flash, mbese no mugusohoka barabasaka. Amakuru atugeraho avugako uwatanguje iyo enquête n’umu Hollandais. Abakoze iyo enquête nabo bakaba ari: Umugabo umwe, Abagore 3, Inkumi 1 n’ Imisore 3. Imbere yukubaha ako kazi, bose babaza yuko atamigambwe barimwo. Bakorera muri salle irimwo camera kandi baga cungwa bikomeye cane. Abaharariye iyo “enquête” nibo babakiriza imashini arizo laptop, kandi akaba nabo bazizimya . Ntamukozi n’umwe yari yemerewe kw’ugurura iyindi programme yimashini. Oxfam Novid yara sinyishije contrat abo bakozi I babuza kuvuga nakimwe kijanye niyo “enquête” kandi babateye ubwoba ko bimenyekanye ko babivuze, bazoronka ibihano bihanitse. Uburero bakaba bafise audios 400 zirimwo ibintu bisivya igihugu, cane cane Imbonera kure.
Ibi rero bikaba vyerekana yuko abanyagihugu b’Abarundi bahagaze magabo batacemera ibinyoma vy’abanyamahanga.
Iyindi nkuru nayo twaronse nuko Commissaire adjoint wa PAFE Canesius Niyongabo yashikanywe i Mpimba kubera uruhara yagize mukw’ibjiza abany’amahanga mu Burundi bida kurikijwe amategeko y’igihugu c’Uburundi.
Philippe Ntahombaye