Site icon Rugali – Amakuru

Akanama ka ONU kongeye kwemeza ko Kagame agifasha abatera Uburundi!

Urwanda ‘ruracafasha abashaka gutera Uburundi’. Inyandiko zo mw’ibanga z’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi ziragiriza Urwanda ko rubanya gufasha abashaka gutembagaza ubutegetsi bwa prezida Pierre Nkurunziza.

Inkuru zandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters, zivuga ko Urwanda rwagumye rutanga inyigisho, imfashanyo n’imyiteguro y’abo barwanyi.
Bamwe mu bategetsi b’ibihugu vya Buraya bahora bibaza ko ivyo vyaheze inyuma yo gusohora ikindi cegeranyo mu mwaka uheze, ariko ico cegeranyo c’ubu kivuga ko atariko bimeze.
Komite y’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi gashi ijejwe gufata ibihano, iriga kuri ico cegeranyo uyu musi ku wa gatanu.
Urwanda rwarahakanye rwivuye inyuma ko rutisuka mu bibazo vy’Uburundi.

Image copyrightREUTERS
Image captionPrezida Nkurunziza yatorewe kubandanya arongora uburundi mu kwezi kw’indwi umwaka uheze

Prezida Pierre Nkurunziza yatorewe kurongora ikiringo kigira gatatu mu kwezi kw’indwi umwaka uheze.
Imidurumbanyo yaradutse mu Burundi inyuma y’aho Prezida Nkurunziza atangarije ko azitoza mu kindi kiringo ca gatatu mu kwezi kwa kani umwaka uheze.
Harageragejwe itembagazwa ry’ubutegetsi itariki 13 ukwezi kwa gatanu, ariko nta co ryashitseko.

Image captionOnu ivuga ko igihugu c’Urwanda kigifasha abashaka kutembaza intwaro ya prezida Nkurunziza
Source: BBC

Exit mobile version