Site icon Rugali – Amakuru

Akabicanyi ba Kagame, Gafaranga na Alex Sugira, kashobotse muri South Africa. Kagame ageze afunga ambasade?

Afurika y’Epfo Irarondeza Abanyarwanda Boba Barishe Col. Karegeya.

Afurika y’Epfo yasohoye imitahe irondeza abanyarwanda babiri bagirizwa kuba baragandaguye mu 2013 Colonel Patrick Karegeya yahoze arongoye urwego rw’iperereza mu Rwanda.

Uwuburanira umuryango wa Nyakwigendera Karegeya, Me Gerrie Nel, yavuze ko abo banyarwanda bazwi ku mazina ya Ismael Gafaranga na Alex Sugira begereye ubutegetsi bw’u Rwanda.

Col. Patrick Karegeya, yahoze ari soma mbike wa perezida w’u Rwanda Paul Kagame, bamusanze mu ihoteri ikomeye yo mu gisagara ca Johannesburg yanizwe mu 2013. Yari yahunze u Rwanda mu 2007.

Ubutungane na polisi muri Afurika y’Epfo vyemeza ko amwe mu makuru aheruka kwongerwa muri dosiye ya Karegeya yerekana ko abagirizwa kugandagura Col. Karegeya “begereye ubutegetsi bw’u Rwanda.”

Maitre Gerrie Nel aburanira umuryango w’umuhisi Karegeya yashimye ingingo y’ubutungane bwa Afurika y’Epfo avuga ko ari intsinzi ikomeye cane.

Exit mobile version