Guhindura canke gusubiramwo amasezerana y’amabuye yagaciro asanzwe ari mu Burundi ni kimwe mucari kwihutirwa gukorwa n’urunani CNARED mugihe rwari kuba ruramutswa igihugu c’uBurundi. Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru gisanzwe gikurikirana ibijanye n’amabuye yagaciro hamwe n’ivyubutunzi kw’isi yose ariko cane cane muri Africa,ikinyamakuru the “africaintelligence”casize hanze bimwe muvyari kwihutirwa gukorwa na Leonardo Nyangoma mugihe yari kuba ariwe aramutswa igihugu. Nkuko tubisanga mu nkuru yabo igira 361 yanditswe kw’igenekerezo rya 2 ruhuhuma 2016,iki kinyamakuru camenyesheje ko mugihe uyu mugabo yari gufata uButegetsi ,ikintu nyamukuru yari kubanza guhindura ko kwari kubanza gusubiramwo amasezerano y’ama societe yahawe kwimba amabuye y’agaciro ari mu Burundi. Komeza Usome Inkuru Yose