Site icon Rugali – Amakuru

Abasirikari barenga 300 b’ uBurundi binjiye Congo guhiga abateye ibirindiro byabo mu Cibitoke.

ABASIRIKARE BARENGA AMAJANA ATATU BINJIYE KUBUTAKA BW’IGIHUGU CA REPUBLIKA IHARANIRA DEMOKARASI YA CONGO. Inyuma y’igitero caraye gihitanye abasirikare bane hamwe n’abandi batandatu bakomeretse ,Igisirikare c’uBurundi caciye gitwarwa n’agashavu maze gica kirungika abasirikare b’uBurundi barenga amajana atatu muri Congo muntumbero yoguhiga abagwanyi boba baraye bateye ikirindiro cahitwa Nyamitanga muri commune Buganda mu ntara ya Cibitoke!

Amakuru yacu dukesha ijisho ry’Urunani Rw’Ibimenyeshamakuru nuko abo basirikare b’UBURUNDI bazindukiye mugihugu ca RDC aho bita ISANGO bakaba binjiriye kuruhande rwa KABUNAMBO ! Ubwoba nibwinshi kuruhande rw’abanyagihugu basanzwe baba muriyo micungararo haba kuruhande rw’abanyagihugu bo muri Congo nokuruhande rw’abanyagihugu b’uBurundi !

Yanditswe n’ Urunani Rw’Ibimenyeshamakuru

Exit mobile version