NTA MFASHANYO Y’U RWANDA UBURUNDI BWASAVYE. Amakuru avuga ko hari ibifungurwa vyaguzwe na PAM vyo gufasha u Burundi, ngo ayo makuru siyo nagato nk’uko twabienyeshejwe na bamwe basanzwe bakurikiranira hafi ibijanye n’imfashanyo ziva hanze bwana Leonidas Nkunzimana. Ahubwo ngo ico nicipfuzo.
Twagerageje kurondera umwe mu bakozi ba PAM ariko ntitwashoboye kumuronka. Ikizwi ngo nuko amakuru mwene ayo agamije gucafuza igihugu c’u Burundi mu gihe aho ibihugu bitari bike bifise ingorane z’u Ruzuba, eka mbere n’igice kitari gito c’u Rwanda ngo abanyagihugu baho nta mwimbu bashoboye kuronka.
Leta y’u Burundi ikaba imaze igihe kitari gito ata mfashanyo isaba kandi abanyagihugu bakaba baramenyereye gutungwa n’ivyo birondereye, nakare ngo akimuhana kaza imvura ihise.Aho tugeze rero nta nzara iri mu Burundi.
Amahoro Iwacu..