Site icon Rugali – Amakuru

Abarundi bahungiye mu Rwanda nabo basigaye bazi kubeshya nka leta ya Kagame!

Radiyo z'Abarundi Bahungiye mu Rwanda Zahagaritswe

YouTube video player

Radiyo z’Abarundi Bahungiye mu Rwanda Zahagaritswe. Amaradiyo atatu akoreramwo abamenyeshamakuru b’abarundi bahungiye mu Rwanda yahagaritse ibiganiro vyayo kuri uno wa gatatu. Radiyo Inzamba, Radiyo y’abanyagihugu RPA ari yo Humura,

Radiyo na televiziyo Renaissance zikorera mu Rwanda kuva mu 2015 zihagaritse ibiganiro vyazo inyuma y’amakuru yavugwa ko mu vyo Uburundi bwasavye U Rwanda gukora mu ntumbero yo gutosora imigenderanire hagati y’ivyo bihugu, harimwo ko U Rwanda ruhagarika isamirana ry’ayo maradiyo ku butaka bwayo.

Mu kiganiro Ijwi ry’Amerika imaze kuvugana na Bob Rugurika atwara Radiyo y’abanyagihugu, RPA, kuri micro ya Diane Nininahazwe, yasiguye uko ikibazo c’amaradiyo mu Burundi carengeye imbibe z’ico gihugu, gutyo akizera ko umuti waco uzova kure y’izo mbibe.

Source: VOA

 

Exit mobile version