Site icon Rugali – Amakuru

Abanyengozi Benshi Barigushimishwa Nuko Nkurunziza Yari Gucishwa Ku Kirimba Ciwe Bakamusezeraho!

Irebere amashusho ya nyuma ya Nyakwigendera Nyenecubahiro Perezida Nkurunziza Petero

Mu ntara ya Ngozi ku mavuko y’umuhisi Pierre Nkurunziza yahora arongoye Uburundi, bariteguye kumuherekeza aho azoshinguranwa iteka I Gitega. Yamara, ingingo yo gushingura uwo muhisi mu ntara ya Gitega ntiyakiriwe neza na bose aho I Ngozi. Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha bamwe mu banyagihugu batobato, bari biteze ko ashobora gushingurwa ku kirimba ciwe bwite I Buye muri komine Mwumba. Uko babimenyesha, ivyo vyari kubafasha kumwunamira irya nyuma nk’umuvyeyi babanye akatari gake igihe yari ku butegetsi.

Mu itangazo rya reta rimenyesha iko ibirori vyo kumushingura bizogenda, umunyamabanga wa reta y’Uburundi akaba n’umuvugizi wayo Prosper Ntahorwamiye yatangaje ko ikiziga ca nyakwigendera kizova I Karusi kijanwa I Gitega ata yindi ntara giciyemwo ku musi wo kumushingurana iteka. Iryo tangazo rimenyesha ko abanyagihugu bo mu micungararo y’ibarabara rya Karusi-Gitega bazoba bari kw’ibarabara kugira bunamire umuhisi Nkurunziza.

Abanyengozi babona ko yari gucishwa ku kirimba ciwe, abo babanye umwanya munini bakamusezera. Uko babibona I Ngozi, Gucisha ikiziga c’uwahora arongoye Uburundi kobaye akaryo k’ugusezerwa n’abanyagihugu batobato benshi bashoboka. Uko abayagiye Ijwi ry’Amerika babisigura, iruhande y’abanyagihugu bo mu ntara za Karusi na Gitega, hokwiyongereyeko abamwunamira benshi bo mu ntara za Ngozi na Muyinga.

Naho biri uko, Ijwi ry’Amerika ryifashishije abanywanyi baryo mu ntara ya Ngozi, ryashoboye kuronka amakuru yemeza ko hari benshi bo muri iyo ntara bamaze kwitegura guherekeza umuhisi Nkurunziza. Ayo makuru, amenyesha ko abariko baritegura kumuherekeza bamaze gutuma umwambaro w’ishati yera utegekanywa kwambara hejuru y’ipataro yirabura uyo musi, aho bazoba bariko baraherekeza ubwa nyuma uyo bemeza ko yabaye kirumara mu ntara avukamwo ya Ngozi.

Exit mobile version