Hafsa Mossi umurundikazi wishwe n’abategetsi ba FPR,yicwa mu buryo busa neza neza nkubwo FPR yishemo Gatabazi na Bucyana Martin muli 1994
Igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016, abantu batatu bagirizwa ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe mu gihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu atavuzwe izina.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abajejwe umutekano bamaze gufata abo bantu batatu, haciye hakorwa isakwa ku rugo ruri muri zone ya Mutanga, muri komine Ntahangwa, hafi y’ahagandaguriwe umushingamateka Hafsa Mossi.
Mu giporisi bakavuga ko mu matohoza bakoze, basanze abo bantu biyemerera ko bahabwa amategeko n’uburyo bwo kugandagura abantu babwiwe, mbere OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bafashwe biyemerera ko ayo mategeko n’uburyo bw’ukugandagura abantu babihabwa n’umurwi w’abantu bari i Kigali mu Rwanda, basanzwe bakorana n’abo bafashwe.
Umushingamateka Hafsa Mossi yagandaguwe n’abantu bitwaje inkoho mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016.
Jambo Malaika