Site icon Rugali – Amakuru

Abagirizwa Gushaka “Kwica” Perezida Ndayishimiye Bakatiwe Imyaka 30

Abagirizwa Gushaka "Kwica" Perezida Ndayishimiye Bakatiwe Imyaka 30

Abagabo babiri n’umukenyezi umwe bagirizwa “ugufashanya n’abashatse kwica umukuru w’igihugu” kuri uyu w’Imana bahanishijwe umunyororo w’imyaka 30 na sentare nkuru ya Kayanza mu buraruko bw’Uburundi.

Abahanywe ni abagabo babiri n’umukenyezi umwe. Bose bakorera station itanga igacuruza igitoro y’ikompanyi « Engen » iri ku mugwa mukuru w’intara ya Kayanza.

Augustin Manirishura na Chadia Baririmana bari basanzwe batanga igitoro hamwe na Christophe Ndayishimiye, umufundi akora ibinyabiziga bari bafatanywe n’abandi bantu babiri. Ariko bo bahavuye barekurwa inyuma yo kumvirizwa n’inzego z’iperereza hamwe n’inyamiramabi nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse avyemeza.

Vyose rero vyatanguye mu kajoro ko ku musi wa gatatu w’iyi ndwi twaraye turangije. Ico gihe, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yari yiriwe muri komine Matongo muri iyo ntara ya Kayanza mu buraruko bw’igihugu kwerekana buramatari mushasha nk’uko amaze imisi abikora mu ntara zitandukanye z’Uburundi.

Ariko araganuka aja ku mugwa mukuru w’intara, urukurikirane rw’imiduga imugendanira rwaratewe amabuye. Ico gihe yari ageze hafi ya station Engen iri ku mugwa mukuru w’intara.

Bamwe mu banyagihugu babibibonye batashimye ko amazina n’amajwi yabo bimenyekana bemeza ko imwe mu miduga yashikiriwe canke yafashwe n’amabuye ata wuzi uwateye naho yaturutse.

Uwo mwanya nyene, abantu batanu baciye batabwa muri yompi. Bari bagizwe n’umukenyezi umwe n’abagabo bane. Abagabo baciye bajanwa gufungirwa ubutarariye muri komisariya y’igipolisi y’intara mu gihe uwo mukenyezi yafungiwe mu gasho ka komine Kayanza.

Babiri muri bo ntibatevye kurekurwa inyuma y’ukumvirizwa umwanya muto, nk’uko amasoko yacu yegereye ino dosiye yabitubwiye. Kuri uyu w’Imana aba batatu basigaye baburanishijwe mu ntahe y’ikibiriraho.

Umushikirizamanza wa Republika mu Kayanza yabagirije « gufata minenerwe umutekano w’igihugu n’ukudatanga amakuru yerekeye ihungabana ry’umutekano w’umukuru w’igihugu n’abamucungerera ubuzima ». Yashimangiye ko amabuye yatewe yaturutse muri iyo station kandi ko atatu yagemye imiduga.

Abaregwa bose mu rukiko bisiguye bavuga ko ari abere. « Abatanga igitoro babiri babwiye abacamanza ko n’ubwo baribakoze umusi ivyo bintu vyashika batigeze bakubita ijisho uwateye canke abateye ayo mabuye nayo umufundi yasiguye ko hejuru yo kuba umwere atari ku kazi igihe yaterwa », niko abari muri sentare nkuru ya Kayanza kuri uyu w’Imana bavuga.

Ivyo bireguje ntivyanyuze abacamanza. Mu nyuma icaha bagirizwa carahinduwe izina baca bagirizwa « Ukwifadikanya n’abashatse kwica umukuru w’igihugu ». Niko kubahanisha umwe wese umunyororo w’imyaka 30 mu gihe umushikirizamanza yari yabasabiye gufungwa imyaka 7 n’amezi 6.

Source: VOA

Exit mobile version