Gerenade Yakomerekeje Abantu 5 I Bujumbura

Abantu batanu bakomeretse mu gitero ca gerenade cabereye mu kibanza amabisi ahagararamwo ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi uno musi ku wa kabiri.

Igipolisi gitangaza ko gerenade yatewe mu bantu bari mu kibanza amabisi ahagararamwo ku murwa mukuru, Bujumbura.

Ivyo vyabaye hafi y’isaha zibiri zo mw’ijoro ejo ku musi wa mbere.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura, Bonfort Ndoreraho yabwiye itangazamakuru ry’abafransa, Agence France Presse, kw’umuntu atamenyekanye yateye gerenade mu bantu bari barindiye bisi mu kibanza zihagararamwo mu gisagara ca Bujumbura.

Amenyesha kw’abantu batanu bakomeretse, umwe muribo bikomeye cane.

Ndoreraho avuga ko umuntu yikekwa yahagaritswe ariko afata amasanamu ahabereye ico gitero. Atangaza kw’ariko arasambishwa.

Amenyesha kw’ayandi magerenade abiri yaturitse mu bibanza ata bantu barimwo ku murwa mukuru, Bujumbura, mu ndwi iheze.

Hari haheze amezi atari make ibitero nkivyo bitabaye.

Source: VOA