BBC Gahuza Imvo n’ Imvano: Abantu bakomeje kwibaza niba Perezida Nkurunziza atazisubiraho

Ikiganiro kw’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye Prezida Pierre Nkurunziza aheruka kwemeza. Itariki 7 ukwezi kwa 6, Prezida Pierre Nkurunziza yashize umukono kw’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye ryemejwe n’abanyagihugu, yongera ashikiriza ko atazosubira kwitoza.

Abanyepolitike na cane cane abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibategera kumwe ihindugwa ry’iryo bwirizwa, ndetse bamwe bakavuga ko n’ivyo Nkurunziza yashikirije ko atazitoza mu 2020 ari uguhuma amaso abarundi. Abatumire ba kino kiganiro baragerageza gutanga umuco.