Aka DMI ya Kagame kashobotse -> Kwambara Imyenda ifite ingofero zipfuka mu maso byaciwe muri Uganda

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni yarafashe ingingo kuri uyu wa mbere yo kubuza abanyagihugu biwe gusubira kwambara impuzu z’imipira zishoneyeko inkofero kandi ategeka abagendesha ibifise imoteri kuba bafise akuma gasuzuma ivyuma. Ni inyuma y’aho ku musi wa gatanu, hiciwe umushingamateka.

Umushingamateka, Ibrahim Abiriga, yishwe ku musi wa gatanu ku mugoroba igihe abantu bitwaje ibirwanisho barasiye imodoka yiwe, aho yariko yegereza gushika ku muhana wiwe uri ku birometero 10 uva ku murwa mukuru

Ababibonye bavuga ko abantu babiri bamurashe bari kumapikipiki kandi bari bambaye impuzu z’imipira ishoneyeko inkofero zibapfuka amaso. Ariko nta n’umwe arafatwa, kandi igiporisi ntikiramenya icatumye ubwo bwicanyi.

Iraswa rya Abiriga bubaye ubwicanyi n’ukunyuruza abantu bitamenyerewe muri Uganda.

Source: VOA